Uko wahagera

Kuki Isiraheli Yakoze Igitero muri Siriya?


Uko Siriya yitabaye ku bitero vya Isiraheli
Uko Siriya yitabaye ku bitero vya Isiraheli

Mu bishika gake abategetsi b’igihugu ca Isiraheli bemeje mu gitondo c’uno musi ku wa mbere ko bagize igitero hakoreshejwe indege z’ingwano mu bibanza vy’igisirikare ca Irani ku butaka bw’igihugu ca Siriya.

Igisirikare ca Isiraheli kimenyesha ko cagize igitero mu kibanza c’igisirikare kiri ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru wa Siriya, Damas no mu kibanza abasirikare ba Irani bagiriramwo imyimenyerezo hamwe no mu bibanza bibikwamo ibirwanisho n’amasasi. Ico gisirikare gitangaza kandi ko cagize igitero mu bibanza birimwo ibirwanisho vy’ukwivuna amamisile vy’igihugu ca Siriya.

Igisirikare ca Isiraheli kivuga ko Reta ya Siriya ari yo ikwiriye kubazwa ibintu vyose bibera ku butaka bwayo. Cagabishije Siriya kudahirahira gutera Isiraheli canke kurekurira abandi kuyigiraho ibitero bivuye ku butaka bwabo.

Ishirahamwe rikwirikirana ibibera muri Siriya rifise icicaro i Londres mu Bwongereza, “Syrian Observatory for Human Rights” ryatangaje ko ibitero vya Isiraheli vyishe abarwanyi bashigikiye Reta ya Siriya 11.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Isiraheli, Benjamin Netanyahu yatangaje uno musi ku wa mbere ko Isiraheli izotera uwo ari we wese azogerageza kuyigirira nabi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG