Uko wahagera

RDC: Tshisekedi Yiteguriye Gusubiza Hamwe Abanyagihugu


Uruhagarara rwa politike rwariyongeye ku musi w’Imana muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Ivyo inyuma y’uko sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yemeje intsinzi ya Felix Tshisekedi. Ni mu nyuma y’aho uwo bahiganywe bikomeye Martin Fayulu ariyamiriza ingingo y’iyo sentare, agasaba ko haba imyiyerekano, akongera agatangaza ko ari we yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu.

Abashigikiye Tshisekedi barahimbaje ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro mu mabarabara yo ku murwa mukuru Kinshasa.

Martin Fayulu yarangije mu kibanza ca kabiri yatangaje ko ingingo y’iyo sentare yuguruye inzira ya “coup d’etat” igiriwe ibwirizwa shingiro. Hari ubwoba ko ivyo bishobora gutuma haba urundi ruhagarara kurushiriza.

Inyuma y’ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, umuryango w’ubumwe bwa Afrika warahagaritse urugendo rw’abategetsi bakomeye vyari bitegekanijwe ko baja ku murwa mukuru, Kinshasa uno musi ku wa mbere kuganira ku ruhagarara rwa politike muri Kongo.

Umuryango w’ibihugu vya Afrika wari werekanye impungenge zikomeye ku vyerekeye amatora yo mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze. Uwo muryango wari wasavye ko ivyavuye muri ayo matora bitebeshwa gutangazwa.

Ku ruhande rwiwe, Felix Tshisekedi yarakiye neza intsinzi yiwe, kandi yatangaje ko azorondera gusubiza hamwe abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG