Umuryango w’ubumwe bwa Afrika wigijeyo urugendo intumwa zawo zari kugira muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, inyuma y’aho sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro mur’ico gihugu itangarije ko Felix Tshisekedi ari we yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu, nkuko vyashikirijwe ejo kuw’Imana na Ebba Kalando, umuvugizi w’umukuru wa Komisiyo y’uwo muryango, ari we Moussa Faki.
Ibi bishikirijwe inyuma y’aho hari ayandi makuru yavuye muri uyo muryango yavuze ko urugendo rwawo muri Kongo rwahagaritswe.
Mu nama yabahuje ku munsi wa kane, abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika bari bavuze ko bafise amakenga akomeye ku biharuro vyavuye muri ayo matora, bongera basaba ko gutangaza ibiharuro vya nyuma vyoba birabangiriwe.
Umuryango w’ubumwe bwa Bulaya nawo wari warashigikiye ingingo yafashwe n’ubumwe bwa Bulaya, nkuko uwo muvugizi yabishikirije.
Ariko ishirahamwe ry’ibihugu 16 vyo mu bumanuko bwa Afrika rijejwe iterambere, SADEC ryarakeje Felix Tshisekedi, ku munsi w’Imana kubona yemejwe nka perezida ryongera risaba ihanahana mu mahoro ry’ubutegetsi muri Kongo.
Mwomenya ko intumwa z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika zari kuja i Kinshasa kuri uyu wa mbere, kandi zari kuba zirongowe na Moussa Faki hamwe n’umukuru wawo Paul Kagame, umukuru w’igihugu c’u Rwanda.
Aya makuru Ijwi rya Amerika riyakesha itororokanirizo ry'amakuru ry'Abafaransa, AFP.
Facebook Forum