Uko wahagera

Mali: Abasirikare 10 ba ONU Barishwe na Al-Qaida


Abasirikare ba Senegal bo mu nteko za MINUSMA, Mali barindiriye umuzo w'umunyamabanga mukuru wa ONU, i Sevare muri Mali. Italiki 30/05/2018.
Abasirikare ba Senegal bo mu nteko za MINUSMA, Mali barindiriye umuzo w'umunyamabanga mukuru wa ONU, i Sevare muri Mali. Italiki 30/05/2018.

Umuhari w’iterabwoba Al-Qaeda mu karere ka Maghreb (AQIM) wemeye ko ari wo wagavye igitero kw’ikambi y’abasirikare ba ONU bajejwe kubungabunga amahoro n’umutekano mu buraruko bwa Mali ku munsi w’Imana, bicamwo abasirikare 10 bava muri Chad, hakomereka abandi 25.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yaranebaguye ico gitero, yongera acita ko gishobora kwitwa icaha co ntambara.

Umuvugizi wiwe yavuze ko Guterres yahojeje reta ya Chad n’imiryango yabuze abayo ubutumwa bwo kubahoza.

Umuhari w’iterabwoba Al-Qaeda uvuga ko wabikoze kuko umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu yagendeye Chad, nkuko vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ku makuru rivuga ko ryahawe n’irindi tororokanirizo ry’amakuru rya Mauritaniya, Al-Akhbar.

Abasirikare ba ONU babungabunga amahoro bari muri Mali kuva mu mwaka wa 2013, inyuma gato y’aho abarwanyi bagendera ku vyiyumviro vya Isilamu bikitse inyuma y’akajagari kari mu gihugu, katewe n’igeregeza gutembagaza ubutegetsi ritashobotse, bituma bigarurira ibice bimwe bimwe mu buraruko bwa Mali.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG