Uko wahagera

Etiyopiya Yemereye Impunzi Zababa Umuliyoni Gukora


Impunzi bamuka muri Etiyopiya zo mu kambi ya Indabaguna muri Etiyopiya, Italiki 09/02/2016.
Impunzi bamuka muri Etiyopiya zo mu kambi ya Indabaguna muri Etiyopiya, Italiki 09/02/2016.

Igihugu ca Etiyopiya caremeje itegeko riha uburenganzira bwo gukora ku mpunzi zababa umuliyoni. Iyo ngingo yemejwe ejo kuwa kane, izotuma izo mpunzi zitazokwama ziteze amaboko imfashanyo z’amakungu.

Etiyopiya ni igihugu kigira kabiri inyuma ya Uganda, cakiriye impunzi nyinshi ku mugabane wa Afrika, zirenga ibihumbi 900, zahunze intambara, ubugaragwa hamwe no guhamwa mu bihugu bibanyi nka Sudani yo mu bumanuko, Sudani, Somaliya na Eritrea.

Iri tegeko rishasha rije rishira mu ngiro ivyo Etiyopiya ciyemeje mu gukurikiza ivyemejwe n’abakuru b’ibihugu yabereye ku cicaro ca ONU mu kwezi kwa cumi na kabiri, mu gufasha impunzi kugira ntizibe umutwaro ku bihugu vyabakiriye.

Iryo tegeko riha impunzi uburenganzira bwa kuva mu makambi, kuja mu mashure kubavyipfuza, gufata ingendo hamwe no gukora ubuzi hose muri ico cabakiriye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG