Uko wahagera

CPI Yabaye Irabangira Kurekura Laurent Gbagbo


Laurent Gbagbo yahoze ari perezida wa Cote d'Ivuware muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'i La Haye mu Buholande, Italiki 15/01/2019.
Laurent Gbagbo yahoze ari perezida wa Cote d'Ivuware muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'i La Haye mu Buholande, Italiki 15/01/2019.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI ejo kuwa gatatu yaraciye intege uwahoze ari umukuru w’igihugu muri Cote d’ivuware Laurent Gbagbo mu kutamurekura, inyuma y’aho yejejwe kuvyaha yagirizwa mu bwicanyi bwabaye muri Cote d'Ivuware inyuma y'amatora.

Abacamanza bari bemeje ko Gbagbo hamwe na Charles Ble Goude barekurwa inyuma yo kubeza ku bwicanyi bwahitanye abantu 3000 bagirizwa ko boba barakokeje muri Cote d'Ivuware inyuma y’amatora hagati y’imyaka ya 2010 na 2011.

Igihe bezwa, akamwemwe kari kose hanze ya sentare kandi umukobwa wa Gbagbo yari yavuze ko umuryango witeguye kwakira umuvyeyi wabo muri Cote d’Ivuware inyuma y’imyaka indwi yari amaze mu munyororo.

Ariko abacamanza bahavuye baba barabangira kubakura mu munyororo mu gihe CPI icihweza ivyashikirijwe n’abadashigikiye ingingo yo kuwa kabiri yo kubarekura.

Abacamanza bisigura bavuga ko mu gihe borekura abo bagabo babiri, Gbagbo na Ble Goude bashobora kutazogaruka kwitaba ubutungane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG