Uko wahagera

Senateri Yegereye Cane Trump Amuhanura Guhagarika Shutdown


Senateri w'umurepublikani, Lindsey Graham, yatowe muri reta ya Carolina y'ubumanuko, mu nama nshingamateka i Washington, Italiki 10/01/2019.
Senateri w'umurepublikani, Lindsey Graham, yatowe muri reta ya Carolina y'ubumanuko, mu nama nshingamateka i Washington, Italiki 10/01/2019.

Umwe mu begereye hafi kandi bashigikiye perezida Donald Trump muri Sena ya Amerika amuhanura kwugurura ivy’agateganyo ibikorwa vya reta vyahagaritswe hanyuma yumvikane n’abademokrate ku kibazo c’uruhome yipfuza kwubakwa ku rubibe Amerika ihana na Mexique.

Senateri w’umurepublikani yatowe muri reta ya Carolina y’ubumanuko, Lindsey Graham yashikirije kuri televiziyo Fox News y'aha muri Amerika ejo kuw’Imana ko ashobora kubandanya ashigikiye ibivugwa na Trump ko igihugu kiri mu bihe kibangamiwe mu gihe yoha ayandi mahirwe ibiganiro.

Graham avuga rumwe na Trump mu guta ihagarikwa ry’ibikorwa vya reta bigiye kwinjira mu ndwi igira kane kuba demokrate cane cane ku mukuru w’inama nshingamateka Nancy Pelosi yavuze ko ata mafaranga yo kwubaka kwubaka uruzitiro azotanga.

Mwomenya ko mu mafaranga ya reta ataremezwa gushika ubu Trump asaba abashingamateka kumuhamwo imiliyaridi zitanu z’amadolari yo kwubaka uruhome rwo mu bumanuko ku rubibe Amerika ihana na Mexique.

Hagati aho, abakozi ba reta ibihumbi 800 binjiye ku munsi wa 24 baragumijwe iwabo, abandi bakora badahembwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG