Uko wahagera

RDC: Ubumwe bwa Afrika Bubona ko Amatora Yatunganijwe Neza


Mousa Faki
Mousa Faki

Umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yatangaje ko yamenyeshejwe ivyavuye mu matora yo mu gihugu ca Republika ya Kongo yabayemwo impari nyinshi, yamara nawe nyene yagize nk’abandi, ntiyigeze akeza umunyapolitike yatsinze ayo matora.

Mw’itangazo yasohoye, Moussa Faki Mahamat, yateye akamo gasaba igihugu ca Kongo gutora inyishu iciye mu mwumvikano, uko amatora azoba yagenze kwose, kugira ngo hashirwe imbere ingendo ya demokrasi; iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu hamwe n’umwitwaririko w’amahoro n’umutekano.

Itsinzi ya Felix Tshisekedi yatangaje abatari bake, yiyamirijwe na Martin Fayulu avuga ko Presida Joseph Kabila na Tshisekedi, bagiriraniye amasezerano yo mw'ibanga.

Mahamat yavuze ko indorerezi z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika zasanze ayo matora yatunganije mu buryo bushimishije.

Indorerezi zo mu bihugu vyo mu burengero bw'isi ntizari zatumiwe kuko igihugu ca Kongo cavuze ko indorerezi zo mur’ivyo bihugu zama zisuka mu bibazo bitaziraba, inyuma y’aho ibihugu vyo mu burengero bitereye akamo gasaba gutunganya ayo matora yasibijwe incuro zitari nke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG