Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yahisemwo gusohoka mu nama yariko iramuhuza n’indongozi z’abashingamateka b’abademokrate muri White House ejo kuwa gatatu, inyuma y’aho bongeye kwanka kumwemerera amafaranga asaba yo kwubaka uruhome ku rubibe rwo mu bumanuko Amerika ihana na Mexique rwo kuzibira abimukira bahaca batisunze amategeko.
Trump mu butumwa bwa Twitter, yashikirije ico yise ibiganiro n’umukuru w’inama nshingamateka, Nancy Pelosi n’umukuru w’abademokrate muri sena Chuck Schumer ari ugutakaza umwanya.
Perezida Trump yavuze ko yabajije ko yohabwa amafaranga yo kwubaka uruhome mu misi 30 mu gihe yokwemera kwugurura ibikorwa vya reta. Ariko igihe Nancy avugiye OYA, Trump yaciye ahaguruka arigira.
Facebook Forum