Uko wahagera

Abanyekongo Baratewe Ubwoba n'Amajwi Adatangazwa


Kongo yoba igeze mu cyeragati
Kongo yoba igeze mu cyeragati

Igipolisi kirwanya imigumuko cakikuje ibiro vya komisiyo y’igihugu ijejwe amatora muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo uno musi ku wa gatatu. Ni mu gihe vyitezwe ko ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu vyatebeshejwe bitangazwa.

Amashirahamwe adaharanira inyungu za politiki ariko asaba abanyagihugu kwitegurira kwihereza amabarabara ari isinzi mu gihe ibiharuro bivuye mu matora bitangajwe bidahuye n’ukuri.

Abanyagihugu baba ku murwa mukuru, Kinshasa, bavuga ko ingingo zikomeye zerekeye umutekano zafashwe ari ikimenyetso kibi. Benshi muri bo bibuka uruhagarara rwakwirikiye amatora yaranzwe n’amatati yaheruka. Itangazo ryasohowe n’amashirahamwe 300 rivuga ko abanyagihugu botegerezwa kwitegurira kugira imyiyerekano.

Abapolisi bashizeho ivyuma bizibira amabarabara, bakaba bazibiye uruja n’uruza rw’imodoka hanze y’ibiro vya komisiyo y’igihugu ijejwe amatora. Ni mu gihe abagize iyo komisiyo bariko babandanya kugira inama zigenewe kuganira ivyavuye mu matora bimaze kwegeranywa gushika ubu zatangujye ku muhingamo wo ku musi wa kabiri.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, umuryango w’ibihugu vya Afrika, n’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya vyasavye Reta ya Kongo gukora ibishoboka vyose kugira ibivuye mu matora vyubahirize ivyipfuzo vy’abanyagihugu.

Yamara Reta ya Kongo yariyamirije ivyo yavuze ko ari ukwivanga kw’amakungu mu biraba igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG