Uko wahagera

Ibitero vy'Indege z'Amerika muri Somaliya Vyishe aba Al-Shabab Bane


AFRICOM

Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika gitangaza ko cagize ibitero bibiri vy’indege z’ingwano muri Somaliya vyahitanye intagondwa z’umurwi al-Shabab 4 ejo ku musi wa mbere.

Ibiro bikuru vya gisirikare vya Amerika mu karere ka Afrika, AFRICOM, vyatangaje uno musi ku wa kabiri ko ivyo bitero vyabereye hafi y’ahitwa Baqdaad. Ivyo ni inyuma y’uko inteko bikorana za Reta ya Somaliya zitewe n’abarwanyi b’umurwi al-Shabab. Ibiro AFRICOM ntibitangaza niba hari abasirikare ba Reta ya Somaliya boba bishwe muri ukwo gutana mu mitwe.

Ikindi gitero c’indege z’ingwano za Amerika cabaye ku musi w’Imana urangiye cahitanye abarwanyi ba al-Shabab 6 hafi y’ahitwa Dheerow Sanle mu ntara ya Lower Shabelle.

Igisirikare ca Amerika gitangaza ko ata basivile bakomeretse canke ngo bahasige ubuzima muri ivyo bitero.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagize ibitero vy’indege z’ingwano 47 mu mwaka uheze w’i 2018 muri Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG