Uko wahagera

Trump Yoba Agiye Guhumuriza Abakozi ba Reta mw'Ijambo Ryiwe?


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Donald Trump
Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Donald Trump

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump avuga ko kuri uyu wa kabiri ashikiriza ijambo igihugu ku bibazo vy’umutekano n’abanyagihugu ku rubibe Amerika ihana na Mexique, imbere y’urugendo ategekanya kugirayo ku musi wa kane kwirabira utwigoro turiko turakorwa two guhangana n’abimukira binjira muri Amerika mu buryo buteye kubiri n’amategeko.

Trump yabitangaje ejo kuwa mbere, inyuma gato y’aho umushikiranganji ajejwe kumenyeshamakuru, Sarah Sanders avugiye ko Trump ashobora kubonana n’abacungera umutekano kuri urwo rubibe rungana ibilometero 3200.

Urwo rugendo rwa Trump ku rubibe ruje mu gihe reta ishitse ku musi ugira 18 ihagaritse imirimo bivuye ku kutumvikana ku miriyaridi zirenga 5 z’amadolari asaba kugira yubake urubibe rwo kuzibira abimukira bava mu bihugu vya Amerika yo hagati bagomba kwinjira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG