Uko wahagera

Nijeriya: Abanyamakuru 2 Bagirizwa Kwamamaza Boko Haram


Abamenyeshamakuru muri Nijeriya mu myiyerekano i Lagos
Abamenyeshamakuru muri Nijeriya mu myiyerekano i Lagos

Abajejwe umutekano muri Nijeriya ejo kuw’Imana barahagaritse abamenyeshamakuru babiri babagiriza gutangaza amakuru yerekeye umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram, nkuko amakuru ava mu kinyamakuru candika mur'ico gihugu yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP.

Ikimenyeshamakuru The Daily Trust gikorera mu buraruko bw’igisagara ca Maiduguri cavuze ko abamenyeshamakuru baco bahowe no gutangaza amakuru ajanye n’integuro z’abasirikare ba reta barimwo zari zigamije kwigarurira igisagara ca Baga cafashwe na Boko Haram mu ndwi zibiri ziheze.

Ico kimenyashamakuru cashikirije kw’italiki ya 31 z’ukwezi kwa cumi na kabiri ko Boko haram yafashe ibice bitandatu mu buraruko bwa reta ya Borno harimwo n’agace ka Baga, mu gihe abasirikare ba reta bavuga ko ari bo bagenzura iyo ntara. Ivyo vyatumye Boko haram yongereza ibitero ku birindiro vya gisirikare muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG