Uko wahagera

Somaliya Yirukanye Intumwa ya ONU mu Gihugu


Nicholas Hayson, intumwa ya ONU muri Somaliya
Nicholas Hayson, intumwa ya ONU muri Somaliya

Igihugu ca Somaliya carafashe ingingo yo kwirukana ku butaka bwaco intumwa y’ishirahamwe mpuzamakungu mur’ico gihugu, mur’iki gihe havugwa ibibazo vy’uwahoze ar’icegera c’umukuru w’umuhari ukora ubwicanyi bukomeye al-Shabab, yari yitoje mu matora yo mu ntara.

Itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Somalia n’amakungu ku musi wa kabiri, rirega iyo ntumwa, Nicholas Hayson ko yarenze ku mategeko n’ubwingenge bw’igihugu ca Somaliya, maze buca bufata ingingo ivuga ko atarekuriwe kuba ari ku butaka bw’igihugu ca Somaliya.

Hayson yari yagaragaje amakenga ku vyerekeye amategeko yisunzwe mu guhakarika Mukhtar Robow, yahoze ar’umuvugizi w’umurwi w’intagondwa zo mu gihugu ca Somalia al-Shabab, yawuyemwo mu mwaka w’2017.

Abasirikare b’igihugu ca Etiopiya basanzwe bari mu nteko z’ubumwe bwa Afrika zicungera umutekano mu gihugu ca Somaliya, hamwe n’abapolisi bo mu gihugu ca Somaliya, bahagaritse Robow imisi mike imbere y’uko amatora yo mu ntara, aho Robow yari imbere mu majwi, aba. Inyuma y’aho ahagarikiwe, haciye haba imyiyerekano ikomeye.

Robow yaciye yinjizwa indege atwarwa ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya Mogadisho, aho gushika ubu, apfungiwe mu biro vy’iperereza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG