Uko wahagera

RDC: Interineti Yacitse mu Gihe Amajwi y'Amatora Aharurwa


Imashini nshya zakoreshejwe mu matora yo muri Kongo
Imashini nshya zakoreshejwe mu matora yo muri Kongo

Mu gihe amajwi ariko araharurwa uno musi ku wa mbere muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, ubuhinga bwa interineti bwacitse mu gihugu cose.

Vyitezwe ko ivya nyuma bivuye mu matora bitangazwa kw’italiki 15 z’ukwezi kwa mbere. Ivyo n aho ibivuye mu matora vy’agateganyo vyitezwe mu ndwi imwe.

Abarorerezi b’amatora bavuga ko hibonekeje ibibazo baitari bike mu gihe amatora yaba. Hari icizere ko amatora y’ejo ku musi w’Imana azotuma ubutegetsi buhererekanywa mu mahoro na demokrasi kuva Kongo yikukiye mu mwaka w’i 1960.

Ubuzima bwasubiye nk’uko busanzwe ku murwa mukuru, Kinshasa umusi umwe inyuma y’amatora.

Ibibanza bitari bike vy’amatora vyagumye vyuguruye mw’ijoro ryo ku musi w’Imana kugira birekurire abari bakirindiye ku mirongo kuronka akaryo k’ugutora.

Abakandida 21 bahiganywe na Emmanuel Ramazani Shadary ashigikiwe na Prezida Joseph Kabila.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG