Uko wahagera

Imyiyerekano Yiyamiriza Amakungu i Bujumbura


Aime Pascal Nduwimana wa Ministere africain de la compassion
Aime Pascal Nduwimana wa Ministere africain de la compassion

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi n’abanyagisagara ca Bujumbura bazindukiye kuri uno wa gatandatu mu myiyerekano. Bava ku kibanza citiriwe ONU bagana ku kibanza citiriwe ukwikukira k’Uburundi biyamiriza abanyamahanga bashinja kwivanga muri politike y’Uburundi.

Aime Pascal Nduwimana arongoye ihuriro rukristu “Ministère africain de la compassion” yabwiye Ijwi ry’Amerika intumbero y’iyo myiyerekano yatunganijwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike akorera ku butaka bw’Uburundi.

Abitavye iyo myiyerekano nta kindi bashikiriza: Bazoyihagarika ari uko abadashakira amahoro Uburundi, na cane cane abivanga muri politike y’igihugu bataye hasi.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike avuga ko yakiriye neza ijambo ry’umukuru w’igihugu yaraye ashikirije abarundi ko atazosubira kwitoza mu matora y’Umukuru w’igihugu.

Ayo mashirahamwe avunira akagohe abantu bose begwa n’amatora yimirije mu Burundi muri 2020. Asaba ko uwuzotsindwa yokwemere aho intahe izoba yashize, uwuzotsinda na we akazotwarire bose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG