Uko wahagera

Igitero ca Amerika Carishe Umutegetsi wa ISIS muri Afuganistani


isis in afghanistan
isis in afghanistan

Umuvugizi w’umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu, igisata co muri Afuganistani yarishwe mu gitero c’indege ya Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Umutegetsi mu gisirikare ca Amerika yemeje iyo nkuru ejo kuwa kane ko Sultan Aziz Azam yishwe ku musi w’Imana mu ntara ya Nangarhar. Uwundi murwanyi w’uwo muhari nawe nyene yarishwe.

Nta basivile bahitanwe n’ico gitero, kandi cabaye igitero ca mbere catangajwe n’abategetsi ba Afuganistani.

Umuvugizi w’umushikiranganji wa Afuganistani w’intwaro mu gihugu hagati yabwiye Ijwi ry’Amerika ko Azam yishwe hamwe na batatu mu bamucungerera umutekano.

Uwo muvugizi yavuze kandi ko Azam yari ajejwe kwinjiza abarwanyi bakora ibitero bikomeye ku basivile.

Iki gitero ku muvugizi w’umurwi wa ISIS kivuzwe mu gihe perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump ategekanya gukura muri Afuganistani igice c’abasirikare ba Amerika bashika 14,000.

Kuva mu mwaka wa 2017, ibitero vy’indege za Amerika bimaze kwica abategetsi bashika batatu b’uwo murwi mu ntara ya Nangarhar, hamwe n’abandi bategetsi bawo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG