Uko wahagera

Intumwa y'Ubumwe Bwa Bulaya Yasabwe kuva muri Kongo


Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu muriKongo Léonard She Okitundu.
Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu muriKongo Léonard She Okitundu.

Igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo ejo kuwa kane cabwiye Ubumwe bwa Bulaya gutumako intumwa yabwo mur’ico gihugu bitarenze amasaha 48, mu kwihora ibihano vyafatiwe abategetsi 14, mu gihe hasigaje imisi ibiri ngo habe amatora. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Kongo, Leonard She Okitundu.

Muri uku kwezi, abashikiranganji b’imigenderanire n’ayandi makungu b’ubumwe bwa Bulaya barongereje ikindi kiringo ku bihano vyo kubuza kugira ingendo no gufata amatungo y'abategetsi 14 bagirizwa kubera intambamyi umugambi w’amatora n’ivyaha vyo guhungabanya uburenganzira bwa kiremwa muntu.

Muri abo 14 harimwo Emmanuel Ramazani Shadary, yahoze ari umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, yatowe na perezida Joseph Kabila kuba kandida azomusubirira mu matora yo ku musi w’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG