Uko wahagera

Inama Nshingamateka ya Isirayeli Yasheshwe


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu mu nama nshingamateka, i Yerusalemu, Italiki 26/12/2018.

Abashingamateka muri Isirayeli baremeje ejo kuwa gatatu gusesa inama nshingamateka na nkenguzamateka, bemeza kandi gutunganya amatora, mu gihe ayari ategekanijwe hari hasigaye amezi atandatu ngo abe, n’ukuvuga kw’itarliki 9 z’ukwezi kwa kane umwaka uza.

Abashingamateka bavyemeje ku majwi 102 kuri babiri, inyuma y’aho kuwa mbere vyari vyemejwe n’urunani rushigikiye umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu.

Abategetsi b’umugambwe uri ku butegetsi ntibashoboye guhuriza hamwe kw’itegeko rikomeye ryerekeye gushira abayahuzi b’aba orthodoxe mu gisirikare, bituma bemeza gutunganya amatora.

Ivyiyumviro biva mu banyagihugu vyerekana ko umugambwe wa Netanyahu usa n’uwuzotsinda ayo matora. Ariko ayo mahirwe ashobora guhura n’intambamyi mu gihe umushikirizamanza mukuru wa Isirayeli yemeje gukurikirana Netanyahu.

Netanyahu yagirizwa ivyaha vyo kurya ibiturire kandi ivyo bishobora gutuma atanga imihoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG