Uko wahagera

Madagascar: Andry Rajoelina Ahabwa Amahirwe yo Gutsinda Amatora


Kandida Andry Rajoelina ariko aratora ku murwa mukuru Antananarivo itariki 07/11/2018.
Kandida Andry Rajoelina ariko aratora ku murwa mukuru Antananarivo itariki 07/11/2018.

Marc Ravalomanana, yahoze ari perezida muri Madagascar akaba yaritoje arondera gutwara ikindi kiringo, yahamagariye abanywanyi biwe ejo kuw’Imana kwiyamiriza ibiharuro vy’agateganyo vyavuye mu matora mu gihe bisa n’uko ashobora gutsindwa.

Uwo batavuga rumwe, nawe yahoze ari umukuru w’igihugu, Andry Rajoelina, niwe yahabwa amahirwe yo gutahukana intsinzi mu biharuro vy’imfatakibanza vyavuye mu matora yabaye ku musi wa gatatu.

Ibiharuro vyatangajwe ejo kuw’Imana na komisiyo ijejwe amatora, inyuma yo guharura amajwi y’abantu barenga imiliyoni zine, yaha Rajoelina ibice 55.08 kw’ijana mu gihe Ravalomanana yari afise ibice 44.92 kw’ijana.

Abantu bari munsi y’imiliyoni zitanu ni bo bivugwa ko bitavye ayo matora, ibiharuro vya nyuma vyitezwe gutangazwa mu minsi iri imbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG