Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira OIM rishikiriza ko abanyafrika barenga 6,600 bapfuye mu myaka itanu iheze, benshi ngo bapfuye bariko baca mu bugaragwa bwa Sahara berekeza ku mugabane wa Bulaya.
OIM ivuga ko muvyo ryatohoje, benshi bapfiriye mu bugaragwa bwa Sahara, uburaruko bwa Nigeri, ubumanuko bwa Libiya, n’uburaruko bwa Sudani. Ivuga ko abimukira bakoresha ayo mayira kugira bashike muri Libiya, urwinjiriro rwo ku mugabane wa Bulaya, bizigiye kuronderayo ubuzima bwiza.
Umuvugizi wa OIM, Joel Millman, avuga ko iyo nzira ikoreshwa n’abasuma hamwe n’abakora urudandazwa rw’abantu bikika mu kiza bahuye n’abo bimukira.
Facebook Forum