Uko wahagera

Somaliya: Abashingamateka Bahagaritse Gukurikirana Perezida


Perezida wa Somaliya, Mohamed Abdullahi Farmajo muri Djibouti, kw'italiki 05/07/2018.

Inyuma y’indwi zitari nke abashingamateka ba Somaliya baharira kandi baganira, bahagaritse utwigoro twabo two gukura perezida Mohamed Abdullahi Farmajo ku butegetsi.

Abari ku ruhande rwa perezida n’abamushigikiye ejo kuwa kane baremeranije gusinya urwandiko ruhagarika ko umugambi barimwo wo gukurako perezida icizere.

Farmajo yari yagirijwe guca kubiri n’ibwirizwa shingiro mu gusinya ico abatavugarumwe nawe bise amasezerano y’ubucuruzi yo mw’ibanga n’ibihugu vya Etiyopiya na Eritreya, yagirizwa kandi kugena abacamanza bakuru n’abategetsi mu gisirikare ata n’umwe agishije inama.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG