Uko wahagera

Perezida wa Somaliya Asabwa Gutanga Imihoho


Perezida wa Somaliya, Mohamed Abdullahi Mohamed, mu nama igira 30 y'abakuru b'ibihugu n'amareta agize ubumwe bw'Afrika, Addis Abeba, Etiyopiya, Itariki 28/01/2018.
Perezida wa Somaliya, Mohamed Abdullahi Mohamed, mu nama igira 30 y'abakuru b'ibihugu n'amareta agize ubumwe bw'Afrika, Addis Abeba, Etiyopiya, Itariki 28/01/2018.

Umukuru w’igihugu ca Somaliya, Mohamed Abdullahi Mohamed, kuva ku mugoroba wo ku musi w’Imana arahanzwe n’abashingamateka badashima politike yiwe, bamusaba mbere gutanga imihoho, ivyasabwe na 92 ku bashingamateka 275.

Abo bashingamateka bamwagiriza kutubahiriza ibwirizwa shingiro mu kugiranira imibonano mw’ibanga n’ibihugu bibanyi, arivyo Etiyopiya na Eritrea, ku gutunganya ibivuko no gushira hamwe ivyo bihugu bitatu, nkuko urwandiko rw’abashingamateka rusaba ko atanga imihoho rubivuga.

Kuva mu kwezi kwa cumi na kumwe, uwo mukuru w’igihugu, akunze gutazirwa Farmajo yarabonanye na bagenzi we ba Eritrea, Issaias Afeworki n’uwa Etiyopiya, umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed, mu mubonano udasanzwe wabereye mu buraruko bwa Etiyopiya wari utumbereye gukomeza umugambi wabo wo gukorera hamwe mu guteza imbere ubutunzi hagati y’ibihugu vyabo.

Kugira ibisabwa n’abashingamateka bishirwe mu nzira, bitegerezwa gushigikirwa na bibiri vya gatatu vy’abashingamateka 275 ba Somaliya, n’ukuvuga 184, igitigiri abakurikirana ibibera muri Somaliya bavuga ko kizogorana gushikwako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG