Uko wahagera

USA: Umushikiranganji wo Kwivuna Abansi Yatanze Imihoho


Umushikiranganji wo kwivuna abansi Jim Mattis ku biro vya Pentagone itariki 09/11/2018.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi Jim Mattis ku biro vya Pentagone itariki 09/11/2018.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Reta zunze ubumwe za Amerika Jim Mattis, yashikirije ko atanze imihoho, akazoshikiriza amabanga mu kwezi kwa kabiri.

Aya makuru yagiye ahabona inyuma y’umusi umwe perezida Donald Trump ashikirije ko abasirikare ba Amerika bashobora kuzokurwa muri Siriya, ingingo ubwo bushikiranganji budashigikiye.

Mu rwete rwo gutanga imihoho yandikiye perezida ejo kuwa kane, Mattis yagize ati: “Kubera ufise uburenganzira bwo guhitamwo umushikiranganji wo kwivuna abansi mubona ibintu kumwe, niyumvira ko ari vyiza mvuye muri aya mabanga.”

Amakuru ya Mattis kuva muri reta yari amaze amezi anugwanugwa. Mu kwezi kwa cumi Trump yavuze ko azi vyinshi kw’ishirahamwe ryo mu burengero bw’isi OTAN ryishinze kurwaniriza umwansi hamwe kurusha umushikiranganji wo kwivuna abansi. Yavuze kandi ko umushikiranganji Mattis asa n’uwo mu mugambwe w’abademokrate.

Mattis yagenwe kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi gato inyuma y’aho Perezida Trump arahiriye kurongora igihugu, kandi ni umwe mu bari bamaze ikiringo kirekire muri reta ye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG