Uko wahagera

Uwundi Munyagihugu wa Canada Agira Gatatu Yafashwe n'Ubushinwa


Umushikiranganji wa mbere wa canada Justin Trudeau mu kiganiro n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters i La Malbaie, Quebec, Canada, itariki 24/05/2018.
Umushikiranganji wa mbere wa canada Justin Trudeau mu kiganiro n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters i La Malbaie, Quebec, Canada, itariki 24/05/2018.

Umushikiranganji wa mbere wa Canada Justin Trudeau avuga ko reta yiwe iriko iragerageza kumenya amakuru ahagije ku munyagihugu wabo agira gatatu yafatiwe mu Bushinwa.

Abandi babiri bafashwe haheze umwanya muto igiporisi ca Canada gifashe umutegetsi w’umushinwa w’ikompanyi yo gutumatumanako ku mutahe wa Reta zunze ubumwe za Amerika kw’itariki ya 1 y’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Meng Wanzhou yagirizwa kutubahiriza ibihano Amerika yafatiye Irani.

Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire n’amakungu yavuze ko abo banye-Canada bagirizwa kubangamira umutekano w’igihugu. Nta yandi makuru arenze ayo Ubushinwa butanga.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG