Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Bishasha Abategetsi mu Burusiya


Umurwa mukuru w'Uburusiya Moscow
Umurwa mukuru w'Uburusiya Moscow

Reta ya Trump yafatiye ibihano bishasha abategetsi hamwe n’amashirahamwe y’Uburusiya yagize uruhara mu guhungabanya amatora yo muri Amerika.

Barimwo Abarusiya babiri bagirizwa kugerageza kugandagura uwahoze asumira urusaku Uburusiya n’umukobwa wiwe mu Bwongereza amuhaye uburozi.

Harimwo kandi abakozi 15 bakorera iperereza mu gisirikare c’Uburusiya, amashirahamwe ane yo mu Burusiya, hamwe n’ikigo kijejwe ubushakashatsi mu buhinga bwa internet. Ico kigo cagirizwa kuba carayobesheje abanyamerika mu matora mu kubaha amakuru atuma batora Donald Trump muri 2016.

Abanyamerika babujijwe gukorana n’ayo mashirahamwe hamwe n’abo bafatiwe ibihano kandi ubutunzi bwose bafitiye muri Amerika bwafashwe.

Reta ya Trump gushika ubu imaze guhana Abarusiya 272 hamwe n’amashirahamwe kubikorwa nk’ibi bibangamiye inyungu z’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG