Uko wahagera

Nijeriya Yagiriza Amnesty International Gukorana na Boko Haram


Intwazangabo mu gisirikare ca Nijeriya.
Intwazangabo mu gisirikare ca Nijeriya.

Igihugu ca Nigeriya gitewe impungene n’ibikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, ivyo vyashikirijwe ejo kuwa mbere n’umuvugizi wa perezida Mohammadu Buhari.

Ivyo bishikirijwe kandi inyuma y’imisi reta ihagaritse igihe gito ibikorwa vy’ikigega mpuzamakungu cita ku bana UNICEF cagirizwa guha imyimenyerezo abasumira urusaku umuhari w'iterabwoba Boko Haram.

Igisirikare ca Nijeriya kuva muri kahise camye cidogera amashirahamwe mpuzamakungu akorera mur’ico gihugu, mu kuvuga ko ayo mashirahamwe acagiriza guhungabanya agateka ka muntu no gukora ivyaha vyo mu ntambara mu rugamba kirimwo na Boko Haram.

Ku musi wa gatanu igisirikare carabujije UNICEF gukorera mu gihugu kuko ngo iryo shirahamwe rifasha abasumyi b’urusaku bashigikiye Boko Haram.

Aya makuru Ijwi ry’Amerika riyakesha itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG