Uko wahagera

Amerika Iratangura Kuganira n'Abatalibani


Intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe z'Amerika muri Afghanistani, Zalmay Khalilzad, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri ambasade y'Amerika i Kabul, Afghanistani, Italiki 18/11/2018.

Inama hagati ya Reta zunze ubumwe z’Amerika n’abategetsi b’aba Talibani itegekanijwe kuri uyu wa mbere muri Emirat zunze ubumwe z’Abarabu, itUmbereye kurOndera inyishu ya politike ku ntambara muri Afghanistani.

Intumwa idasanzwe y'Amerika mu gusubiza hamwe Abanya Afuganistani, Zalmay Khalilzad, niwe arongoye intumwa za Reta zunze ubumwe z’Amerika mu biganiro i Abu Dhabi, ku murwa mukuru wa Emirat zunze ubumwe z’Abarabu, nkuko vyashikirijwe n’umutegetsi wa Pakistani kw’Ijwi ry’Amerika kuri uyu w’Imana.

Kuva ashingwa ayo mabanga mu kwezi kw’icenda, iyo ntumwa idasanzwe ya Amerika, ivuka muri Afuganistani imaze gutunganya inama zibiri n’aba Talibani i Qatar, aho uwo muhari ufitiye ico wita ibiro vya politike.

Intambara muri Afuganistani yabaye ndende uko Amerika itari ivyiteze, imaze gutwara Washington amadolari ashika trillion zitatu. Mur’ico gihe abarwanyi b’Abatalibani barushirije kwigarurira uturere, mu gihe ubu bagenzura hafi igice c’igihugu muri Afghanistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG