Uko wahagera

Somaliya: Uwahoze ari mu Ndongozi za Al Shabab Yankiwe Kwitoza


Mukhtar Robow yahoze mu ndongozi za Al Shabab mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Baidoa, Somaliya, Itariki 04/11/2018.
Mukhtar Robow yahoze mu ndongozi za Al Shabab mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Baidoa, Somaliya, Itariki 04/11/2018.

Umushikiranganji wa Somaliya ajejwe ibikorwa vya reta, Abdifitaah Ibrahim Geeseey yaratanze imihoho, inyuma y’aho uwahoze ari mu bakuru ba Al Shabab ahagarikiwe kandi agakurwa mu bazokwitoza mu matora y’intara.

Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika kuri telefone kuri uyu w’Imana ari Mogadishu, Geeseey yavuze ko yatanze imihoho yiyamiriza ukwivanga kwa reta mu matora yimirije muri reta yo bumanuko bushira uburengero bw’igihugu. Yiyamirije n’ihagarikwa rya Mukhtar Robow Abu Mansur, yahoze ari icegera c’umukuru wa al-Shabab, kandi akaba yari umukandida mu matora ya perezida y’iyo reta.

Haruhande y’ivyo, agahengwe karagarutse mu gisagara ca Baidoa, inyuma y’imisi itatu yari iheze habaye gutana mu mitwe hagati y’abayoboke ba Robow n’abajejwe umutekano, hasiga ubuzima abantu 12. Abategetsi bavuze ku musi wa gatandatu ko abantu bashika 200 bafashwe inyuma y’uko gutana mu mitwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG