Uko wahagera

USA: Abasirikare ba Myanmar Barakoze Ihonyabwoko kuba Rohingya


Rohingya
Rohingya

Abashingamateka ba Reta zunze ubumwe z’Amerika baremeje integuro y’itegeko mu matora yabaye ejo kwa kane ku majwi 394 kuri rimwe, ko igisirikare ca Myanmar cakoze ihonyabwoko ku nkehwa z’abayisilamu bo mu bwoko bw’aba Rohingya.

Raporo ya ONU yasohotse mu kwezi kw’umunani yavuze ko igisirikare ca Mynmar cakoze ubwicanyi kivunga, ubusuma bwateguwe butumbereye kw’ihonyabwoko.

Igisirika ca Myanmar carahakanye ivyo vyagiriji vy’ihonyabwoko, kibandanya kivuga ko ivyo cakoze kwari uguhiga abakora iterabwoba.

Iyo nteguro y’itegeko yemejwe n’abashingamateka isaba kandi reta ya Myanmar kurekura abamenyeshamakuru babiri b’itororokanirizo ry’amakuru ry'Abongereza Reuters, Wa Lone na Kyaw Soe Oo, bamaze umwaka bapfungiwe muri ico gihugu.

Ambasade ya Myanmar i Washington ntaco yavuze kuri iryo tora ry’abashingamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG