Uko wahagera

Abasivile Icenda Biciwe mu Gisagara ca Beni muri Kongo


Aha ni kuri Boulevard Nyamwisi mu gisagara ca Beni
Aha ni kuri Boulevard Nyamwisi mu gisagara ca Beni

Abasivile 9 bishwe mw’ijoro ryo ku musi wa mbere ryashiriye uno musi ku wa kabiri mu ntara ya Beni, mu buseruko bwa Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Abo basivile bishwe mu gitero cagirijwe abarwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Uganda bo mu murwi, Allied Democratic Forces”, ADF, mu mpfunyapfunyo. Ayo makuru yaremejwe n’abategetsi b’abasivile hamwe n’igisirikare ca Kongo.

Kuva mu mwaka w’i 2014, intara ya Beni yarasinzikajwe n’ubwicanyi bukabije bwegetswe ku barwanyi b’umurwi ADF. Bagirizwa kandi ubwicanyi bwakozwe mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2017 ku basirikare 15 bajejwe gucungera umutekano b’ishirahamwe ONU baturuka mu gihugu ca Tanzaniya mu karere ka Beni.

Ubwicanyi bwa nyuma buvurwa ko bwakozwe n’abarwanyi b’umurwi ADF bwabaye ku musi wa kane n’uwa gatanu w’indwi irangiye. Ico gihe, bwahitanye abasivile 17.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG