Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, ariko arabonana n’abategetsi b’ibihugu vy’i Bulaya.
Ararondera gutuma amasezerano yerekeye ukuva kw’Ubwongereza muri uyo muryango adasambuka. Yarasibishije amatora kuri ayo masezerano mu nama nshingamateka y’Ubwongereza.
Umuvugizi wiwe yatangaje ko mu biganiro vyagize akamaro Theresa May yagiranye n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuholande, Mark Rutte, bumvikanye ku vyerekeye gukorera hamwe ku bijanye n’ico kibazo.
Amatora mashasha ku masezerano yerekeye ukuva kw’Ubwongereza mu muryango w’ibihugu vy’i Bulaya azoba mu nama nshingamateka y’Ubwongereza kw’italiki 21 z’ukwezi kwa mbere.
Bitekanijwe kandi ko Theresa May abonana na Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel n’umuyobozi mukuru w’inama ijejwe imigambi y’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya, Donald Tusk.
Facebook Forum