Uko wahagera

Abantu 6 Barakomerekejwe n'Amasasu muri Cisjordaniya


Abajejwe umutekano muri Isirayeli bari aharasiwe abantu, mu ntara ya Cisjordaniya, itariki 9/12/2018.
Abajejwe umutekano muri Isirayeli bari aharasiwe abantu, mu ntara ya Cisjordaniya, itariki 9/12/2018.

Umukenyezi yibungenze ni umwe mu banya Isirayeli ndwi bakomeretse inyuma y’aho umunyepalestina abarasiye ari mu modoka aciye aho bari bahagaze ku gituro ca Bus hanze y’intara ya Cisjordaniya. Ivyo vyashikirijwe n’igisirikare ca Isirayeli ejo kuw’Imana.

Uwo mukenyezi bivugwa ko yababaye cane. Umugabo wiwe we yakomeretse buhoro.

Abasirikare ba Isirayeli bari aho baciye bakurikiza amasasu iyo modoka kandi bariko bararondera uwo yarashe.

Igitero kubanyesirayeli caheruka mu ntara ya Cisjordaniya mu kwezi kwa cumi na kumwe, itariki 26 igihe umunyepalestina yagonga abasirikare ba Isirayeli n’imodokari, akomeretsa batatu muri bo. Uwo mu nyuma nawe yaciye yicwa n’abasirikare ba Isirayeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG