Uko wahagera

Reta y'Ubufaransa Ihangayikishijwe n'Imudugararo i Paris


Abigaragamvya mu Bufaransa
Abigaragamvya mu Bufaransa

Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa, Edouard Philippe ashikiriza ko abaporisi barenga ibihumbi 65 aribo barungikwa kubuza imigumuko mu myiyerekano itegekanijwe kwongera gutunganywa.

Iryo tangazo ryasohowe ejo, n’aho umukuru w’igihugu Emmanuel Macron ku musi wa gatatu yashikirije ko ahagaritse ingingo yo kuduza amatagisi ku bitoro yatumye iyo migumuko itangura.

Ku musi wa gatandatu, habaye imigumuko itari bwigere iba ku murwa mukuru Paris haraheze imyaka itari mike, aho abiyamamaza baturiye imiduga, basahura amaduka kw’ibarabara rija ku ngoro y’umukuru w’igihugu, Champs Elysees.

Abategetsi ba reta batewe umutima uhagaze nuko iyindi migumuko nk’iyabaye kuwa gatandatu ishobora gusubiza inyuma ubutunzi bw’igihugu kandi reta ifise ubwoba ko ishobora kugira ibibazo.

Ibibanza vy’itariro Tour Eiffel hamwe n’ibigo ndangakaranga bizoba vyugaye ku musi wa gatandatu, ndetse n’inkino zihuza imirwi y’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere zasibijwe.

Iyo migumuko yatanguye mu kwezi kwa cumi na kumwe igihe Macron atangarije ko yongeye amatagisi ku bitoro, kimwe mu migambi yiwe yo kurwanya ugushuha kw’isi.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG