Indege ya drone ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yarishe umukomanda akomeye w’umutalibani mu bumanuko bwa Afuganistani, ivyaciye intege uwo muhari urwanya ubutegetsi mur’ico gihugu.
Abategetsi ba Afuganistani hamwe n’Abatalibani ejo kuw’Imana bamenyesheje ko uwo mukomanda yishwe azwi kw’izina rya Mullah Abdul Manan, bavuga ko yicanywe hamwe n’abandi bane bari kumwe nawe ku musi wa gatandatu muri Distrikte ya Nawzad mu ntara ya Helmand.
Amakuru yavuye mu muhari w’Abatalibani avuga ko Manan yari nka buramatari wabo mur’iyo ntara ya mbere mu bunini muri Afuganistani, yagenzurwa n’Abatalibani, kandi urupfu rwiwe rwabaye uruhombo runini kuri uyo muhari.
Intara ya Helmand izwi nk’umuhora ukomeye w’urudandazwa rw’ibiyayuramutwe kandi Manan niwe yagenzura urwo rudandazwa kugira haboneke amafaranga akoreshwa n’Abatalibani.
Ico gitero cabaye hari ayandi ma raporo avuga ko Reta zunze ubumwe z’Amerika zateye amabombe menshi muri Afuganistani mu mezi cumi ya mbere y’uyu mwaka wa 2018.
Facebook Forum