Uko wahagera

Abantu 2 Barishwe mu Ntara ya Beni muri Congo


Abasirikare ba reta ya Congo mw'ishamba ryo mu ntara ya Beni, RDC, itariki 14/10/2018.
Abasirikare ba reta ya Congo mw'ishamba ryo mu ntara ya Beni, RDC, itariki 14/10/2018.

Abantu babiri barishwe n’abarwanyi b’umuhari ADF mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya kongo, nkuko vyashikirijwe n’umutegetsi wo mur’ako gace ejo kuwa mbere, mu gihe kuri uyu wa kabiri hategekanijwe urugendo rw’amahoro rwiyamiriza ubwicanyi.

Ubwo bwicanyi bwabereye kw’ibarabara Mbau-Kamango, mu buraruko bw’igisagara c’intara ya Beni, nkuko vyashikirijwe na Donat Kibwana, musitanteri muri ako karere.

Abwegeka ku muhari Force Democratique Alliees, FDA mu gifaransa, umuhari wa gisirikare w’Abayisilamu wamuka muri Uganda, umaze kwica amajana y’abanyagihugu kuva mu mwaka w’2014.

Kuri uyu wa kabiri, amashirahamwe adaharanira inyungu za politike mu ntara ya Beni ategekanya urugendo rw’amahoro rwo kwiyamirizwa ubwicanyi bubera muri iyo ntara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG