Uko wahagera

Abasirikare ba Afuganistani Bahagurukiye Imihari Ibarwanya


Abasirikare ba Afughanistani mu myimenyerezo n'abasirikare b'Ubutaliyano bo mu nteko za OTAN mu micungararo ya Herat, itariki 9/02/2017.

Ukwiyongera kw’ibitigiri vy’abasirikare hamwe n’abaporisi ba Afuganistani bapfa kwatumye reta y’ico gihugu yongereza ibitero ku ba Talibani no ku yindi mihari yitwaje ibirwanisho, nkuko vyashikirijwe n’abategetsi bajejwe umutekano.

Mu ndwi iheze, abarwanyi b’Abatalibani Taliban barishe bongera bakomeretsa abasirikare bashika 80 mu ntara ya Farah mu burengero bwa Afuganistani, ibi vyashikirijwe n’abategetsi b’ico gihugu.

Tariq Arain, umuvugizi w’igisirikare, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abasirikare ba reta batanguye ibitero vy'indege hamwe n’ibitero vy'abasirikare barwanira hasi mu gihugu cose.

Arain yavuze ko ari mu mtumbero yo kugabanya ibitigiri vy’abasirikare bicwa no kurondera umutekano w’abanyagihugu.

Perezida wa Afghanistani Ashraf Ghani mu ndwi iheze yashikirije ko kuva mu mwaka wa 2015, igisirikare kimaze gutakaza abashika 28,529 bariko bararwana n’aba Talibani hamwe n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG