Uko wahagera

ONU Itangaza ko Abantu 48 Bishwe muri Centrafrika


Umuryango wimuye ivyawo inyuma yo kumara imyaka ine mu kambi y'impunzi i Betou, mu buraruko bwa Congo-Brazzaville, kw'itariki 30/03/2018
Umuryango wimuye ivyawo inyuma yo kumara imyaka ine mu kambi y'impunzi i Betou, mu buraruko bwa Congo-Brazzaville, kw'itariki 30/03/2018

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje uno musi ku wa mbere ko abantu 48 bishwe mu gutana mu mitwe hagati y’abarwanyi bagizwe ahanini n’Abakristu n’Abayislamu mu gisagara ca Alindao mu ndwi iheze.

Igitigiri c’abapfuye cari catangajwe imbere yaho cari 37 harimwo abapadiri 2. Ubwo bwicanyi bwabaye ku musi wa kane, igihe abarwanyi b’Abakristu bazwi kw’izina rya anti-Balaka batana mu mitwe n’abarwanyi b’abayisilamu bo mu murwi UPC. Amasanamu y’itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, yerekanye ibiziga vy’abantu bahiye.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres, yatangaje ku musi wa gatandatu ko ugutana mu mitwe guherutse kuba kwatanguwe n’abarwanyi bo mu murwi UPC.

Abantu barenga ibihumbi 20 baravuye mu zabo kubera uruhagarara n’ubwicanyi nkuko bitangazwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG