Uko wahagera

Tanzaniya Yimwe Imfashanyo Kubwo Guhonyanga Agateka ka Muntu


Perezida John Pombe Magufuli, igihe Tanzaniya yahimbaza imyaka 56 yikukiye i Dodoma, itariki 9/12/2017.
Perezida John Pombe Magufuli, igihe Tanzaniya yahimbaza imyaka 56 yikukiye i Dodoma, itariki 9/12/2017.

Igihugu ca Danemark cahagaritse imiliyoni 10 z’amadolari y’abanyamerika cagira gifashije Tanzaniya kumvo y’ico cise ukutubahiriza uburenganzira bwa muntu mur’ico gihugu co muri Afrika yo mu buseruko.

Umushikiranganji wa Danemark ajejwe imigenderanire mw’iterambere, Ulla Tornaes, yashikirije abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter ejo kuwa kane ko ababajwe n’amajambo y’urwanko yashikirijwe n’umutegetsi wa reta ya Tanzaniya atashimye kuvuga mw’izina.

Ariko mu misi iheze, Komiseri w’igihugu ku murwa mukuru Dar es Salaam, yasavye Abatanzaniya kuvuga abo bose bakekwa kuba bakundana bahuje ibitsina.

Mu ntango z’uku kwezi, umuryango w’ubumwe bwa Bulaya wavuze ko watanguje gusuzuma ibijanye n’imigenderanire na Tanzaniya kubwo amajambo yashikirijwe n’abategetsi.

Gukundana ku bahuje ibitsina birabujijwe muri Tanzaniya kandi bihanishwa umunyororo w’imyaka irenga 30.

Iyo ngingo ya Danemark, igihugu kiza ubugira kabiri mu bifasha Tanzaniya, yafashwe ku musi ibanki nkuru y’isi nayo yashikirije ko izohagarika ingurane ingama n’imiliyoni 300 z'amadolari y’abanyamerika yari guhabwa Tanzaniya kubw’ingingo yafashwe n’ico gihugu yo kwirukana mu mashure abigeme batwaye inda.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch ryashikirije ko reta ya Tanzaniya irongowe na perezida John Magufuli yimye abanyagihugu ivyo barekurirwa n’amategeko mu gushiraho amategeko ahasha abamenyeshamakuru, abaharanira agateka ka muntu hamwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG