Uko wahagera

Sudani Isaba Gukurwa ku Rutonde rw'Iterabwoba rw'Amerika


Umushikiranganji wa Sudani w'imigenderanire Al-Dierdiry Ahmed mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Khartoum Itariki 28/08/2018.
Umushikiranganji wa Sudani w'imigenderanire Al-Dierdiry Ahmed mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Khartoum Itariki 28/08/2018.

Ibikorwa vyo gukura igihugu ca Sudani ku rutonde rwa Reta zunze ubumwe z’Amerika rw’ibihugu bifasha iterabwoba bigiye gutangura muri kazoza ka hafi, Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wa Sudani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika.

El-Dardiri Mohamed Ahmed yatangaje ko imibonano yagiranye n’abategetsi b’Amerika yabaye ingirakamaro kandi ko Washington yabwiwe ko Sudani yafashe ingingo zo kurwanya iterabwoba, ko hageze ko Amerika itangura gukura igihugu ciwe ku rutonde rw’abafasha iterabwoba.

Sudani cashizwe ku rutonde rw’ibihugu bifasha iterabwoba mu mwaka w’1993 kuri reta ya Bill Clinton. Igihugu caciye gifatirwa ibihano na Reta zunze ubumwe z’Amerika cagirizwa gushigikira imihari y’iterabwoba harimwo al-Qaida, Hamas na Hezbollah.

Ariko umushikiranganji w’imigenderanire El-Dardiri yavuze ko gushira Sudani kuri urwo rutonde vyari bishingiye ku mvo za poritike

Mwomenya ko Osama bin Laden yegekwako bitero vyahitanye abantu benshi muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kw’itariki ya 11 z’ukwezi kw’icenda 2001 hamwe n’abayoboke biwe babaye muri Sudani mu myaka iri hagati y’1992 n’1996.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG