Uko wahagera

Imiriro Imaze Kwica Abantu 31 muri California


Abarwanya imiriro bariko barazimya muri reta ya california, itariki 09/11/2018
Abarwanya imiriro bariko barazimya muri reta ya california, itariki 09/11/2018

Imiriro y’inkazi irabandanya yiha inkumbi muri Reta ya California muri Reta zunze ubumwe z’Amerika ku musi w’Imana.

Abantu 31 gushika ubu ni bo bamaze kumenyekana ko bapfuye kandi ivyo bitigiri birashobora kurenga mu gihe abatabara babandanya gushika mu bice vyahiye biratokombera. Ibihumbi vy’abanyagihugu barahunze batwara ivyo bashoboye guhungisha.

Abategetsi bavuga ko iyo miriro imaze kurwanywa ku bice 25 kw’ijana gusa mu gihe abandi bavuga ko ari ibice 10 kw’ijana gusa.

Abarwanya imiriro barenga 8,000 ni bo bariko barahangana n’iyo miriro mu bumanuko hamwe no mu buraruko bwa Reta ya California yatanguye ku musi wa kane, yunyurwa n’ubugaragwa hamwe n’umuyaga mwinshi.

Abategetsi bavuze ko iyo miriro ari yo yasambuye ibintu vyinshi muri kahise k’iyo reta, kandi ibaye iyigira gatatu yishe abantu benshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG