Umumenyeshamakuru azwi cane wo mu ntara ya Kameruni ivugwamwo ururimi rw’icongereza, gushika ubu aracari mw’ibohero inyuma y’aho ahagarikiwe yagirizwa gutangaza amakuru y’ibinyoma, yagirizwa kandi gukora ibikorwa vy’iterabwoba.
Amashirahamwe aharanira agateka k’umwuga wo kumenyeshamakuru avuga ko gufunga uwo mumenyeshamakuru azwi kw’izina rya Mimi Mefo, akorera radiyo Equinoxe, ari ugushaka guhoza ibinyamakuru bishikiriza ubwicanyi bubera muri iyo ntara.
Amakuru yashikirijwe n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika muri ako karere, Moki Edwin Kindzeka avuga ko ifatwa rya Mefo ribaye mu gihe abategetsi bariko baragenzura iyo ntara barondera abakozi babiri b’ishure bataraboneka inyuma y’aho bo n’abandi banyeshure bashika 79 banyururijwe muri iyi ndwi.
Abandi bamenyeshamakuru barafunzwe indwi zitari nke muri Kameruni. Muri abo harimwo Michel Biem Tong, azwi kuba atarya umunwa mu gushikiriza amakuru y’ubwicanyi bukorwa n’abasirikare ba reta bariko bararwanya umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram hamwe n’umutekano muke urangwa mu ntara zivugwamwo ururimi rw’icongereza.
Facebook Forum