Uko wahagera

USA: Umushikiranganji w'Ubutungane Yabogojwe mu Mabanga


Umushikiranganji w'ubutungane Jeff Sessions
Umushikiranganji w'ubutungane Jeff Sessions

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yarakuye mu mabanga umushikiranganji w’ubutungane kuri uyu wa gatatu, bivugwa ko bwoba ari uburyo bwo kuburizamwo amatohoza ariko arakorwa n’umushingwamanza adasanzwe, Robert Mueller ku ruhara Uburusiya bwoba bwaragize mu kwivanga mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2016.

Umushikiranganji Jeff Sessions, mu rwete yanditse, yavuze ko yubahirije ivyasabwe na Perezida gukinjura mu burongozi bw’ubwo bushikiranganji bw’ubutungane.

Trump, mu butumwa akoresheje urubuga rwa Twitter ejo kuwa gatatu yavuze ko Matthew Whitaker, yari umunyamabanga mukuru muri ubwo bushikiranganji agiye gutwara ubwo bushikiranganji ivy’imfatakibanza.

Igenda rya Sessions rirangije ikiringo c’ibomborabombora c’amezi 20 ku burongozi bw’ubwo bushikiranganji, yabayemwo mu bihe bitamworoheye kuva agihabwa ayo mabanga mu mwaka uheze kandi yaciye ahitamwo kudakurikiranira hafi amatohoza ku ruhara Uburusiya bwoba bwaragize mu guhungabanya amatora.

Hasigaye kumenya nimba Whitaker, hisunzwe ivyo yanditse muri kahise bamwe babona ko afise aho ahengamiye azohava nawe yanka gukurikiranira hafi ayo matohoza.

Whitaker, yahoze ari umucamanza, yaranditse mu mwaka uheze ko Mueller akora ibirenze ubutegetsi bwiwe mu matohoza ku Burusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG