Ibiharuro bitari bike vyavuye mu biro vy’amatora muri Reta zunze ubumwe z’Amerika vyerekana ko Abademokarate batsinze mu bice bitari bike, ariko ko ata cizere ko batsinda ku majwi menshi cane, aho benshi babona ko Trump atari kworoherwa kurangiza manda ziwe zibiri.
Amahirwe y’uko abademokarate bashobora kwigarurira sena asa n’uko ari make inyuma yo gutsindwa mu ma reta ya Indiana na Tennessee, ama reta Trump yatsinzemwo bimworoheye muri 2016.
Intebe 435 zo mu nama nshingamateka nizo ziriko zirahiganirwa hamwe n’intebe 35 kw’ijana zigize sena, hamwe na ba guverineri batari bake.
Mu gihugu cose vyagaragaye ko abanyamerika bitavye aya matora ku bwinshi naho mu ma reta atari make imvura yazindutse yongera yirizako.
Perezida Donald Trump ntari mu batorwa. Ariko benshi mu batoye mu gihugu babona ko aya matora ari nka referendumu ku myaka ibiri amaze ku butegetsi.
Ivyiyumviro vyatororokanijwe mu bantu vyerekanye ko abatora mu mugambwe w’abademokarate bahangayikishijwe n’ikibazo c’amagara yabo hamwe n’ubutunzi, mu gihe ibibazo vy’abimukira ari kimwe mu vyatumye abarepublikani bitabira amatora ku bwinshi.
Abademokarate bari bakeneye intebe 23 kugira bigarurire inama nshingamateka yari yiganziwe n’abarepublikani. Abarepublikani bigaragara bo bagumije Sena.
Facebook Forum