Perezida Donald Trump yashikirije ko ashobora kutazobonana na Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin mu ndwi iza i Paris.
Perezida Trump yabwiye abamenyeshamakuru ko azoba agiye i Paris ku zindi mvo, ariko avuga ko ategekanya kuzobonana na Putin mu nama ya G-20 y’ibihugu bitunze kuruta ibindi kw’isi izobera i Buenos Aires muri Argentine mu mpera z’uku kwezi.
Trump na Putin bazoba bari i Paris kwibuka imyaka 100 intambara ya mbere y’isi irangiye.
Dmitry Peskov umuvugizi wa perezida Putin, ariko yavuze ko abo ba perezida babiri bazobonana i Paris kandi bazovuga ku yindi nama ishobora kuzobahuza muri kazoza.
Facebook Forum