Uko wahagera

Perezida Trump na Putin Ntibazoganira i Paris


Ba Perezida Donald Trump, w'Amerika na Vladimir Putin w'Uburusiya mu mubonano i Helsinki, Finland. Itariki 16/07/2018
Ba Perezida Donald Trump, w'Amerika na Vladimir Putin w'Uburusiya mu mubonano i Helsinki, Finland. Itariki 16/07/2018

Perezida Donald Trump yashikirije ko ashobora kutazobonana na Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin mu ndwi iza i Paris.

Perezida Trump yabwiye abamenyeshamakuru ko azoba agiye i Paris ku zindi mvo, ariko avuga ko ategekanya kuzobonana na Putin mu nama ya G-20 y’ibihugu bitunze kuruta ibindi kw’isi izobera i Buenos Aires muri Argentine mu mpera z’uku kwezi.

Trump na Putin bazoba bari i Paris kwibuka imyaka 100 intambara ya mbere y’isi irangiye.

Dmitry Peskov umuvugizi wa perezida Putin, ariko yavuze ko abo ba perezida babiri bazobonana i Paris kandi bazovuga ku yindi nama ishobora kuzobahuza muri kazoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG