Igihugu ca Misiri cashikirije ejo kuw’Imana ko cishe abarwanyi 19 bakora iterabwoba bakekwa kuba barishe abakatolika ndwi ku musi wa gatanu bari mu rugendo baja mu ntara ya Minya iri hagati mi gihugu.
Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati yavuze ko abo barwanyi biciwe mu bugaragwa bwo mu burengero bw’intara ya Minya. Ariko ntiyavuze igihe barasaniye.
Umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu waremeje ko ari wo wakoze ico gitero kuri abo bakristu, ariko nta vyemeza watanze.
Abakristu bagize ibice 10 kw’ijana ku miliyoni 100 z’abanyemisiri. Bama bidoze ko bakumirwa mu gihugu.
Facebook Forum