Uko wahagera

Amerika Yatakaje Umusirikare muri Afughanistani


Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika muri Afughanistani
Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika muri Afughanistani

Umusirikare umwe wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yarishwe uwundi arakomereka ku musi wa gatandatu mu gitero cabereye i Kabul, ku murwa mukuru wa Afghanistani, nkuko amakuru ava mu nteko za OTAN abivuga.

Brent Taylor, umusirikare yishwe, yari afise abana indwi. Yari umukuru w’igisagara ca North Ogden muri reta ya Utah kandi yari muri Afughanistani kumwe n’abandi basirikare bamuka muri reta ya Utah.

Uwundi musirikare yakomeretse bivugwa ko atabangamiwe cane.

Ico gitero co ku musi wa gatandatu i Kabul ni kimwe mu bitero aho abasirikare ba Afughanistani bahindukiriza inkoho ku basirikare mpuzamakungu bariko barakorana.

Amakuru yashikirijwe n’inteko za OTAN avuga ko uwagavye ico gitero yari umusirikare wa reta kandi yaciye yicwa na mugenzi we.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG