Uko wahagera

Abanyamerika Baratora Abashingamateka ku wa Kabiri


Perezida Donald Trump mu Myiyamamazo ku ruhande rw'abarepublikane i Macon muri reta ya Georgia. Itariki 04/11/2018
Perezida Donald Trump mu Myiyamamazo ku ruhande rw'abarepublikane i Macon muri reta ya Georgia. Itariki 04/11/2018

Abanyamerika kuri uyu wa kabiri niho bazokwitabira amatora yo hagati ya manda aho bazotora abashingamateka 435 hamwe n’abasenateri 35 kw’ijana bagize sena, hamwe na ba buramatari b’amareta atari make.

Perezida Donald Trump yari mu bikorwa vyo kwiyamamaza ku ruhande rw’abademokrate mu mareta ya Georgia na Tennessee ejo kuw’Imana. Trump yabwiye abari muri iyo myiyamamazo ko "Abarepublikani bashoboye gutuma haboneka ubuzi bwinshi, nayo abademokrate bazanye abantu benshi batera imidurumbanyo.”

Perezida Barack Obama yahoze arongoye Amerika na we ariko yiyamamaza afasha umugambwe w’abademokrate yavuze ko reta yiwe ari yo yatanguye kunagura ubutunzi bwari bwasubiye hasi biteye ubwoba mu mwaka w’2008.

Perezida Barack Obama mu myiyamamazo muri reta ya Indiana ku ruhande rw'abademokrate
Perezida Barack Obama mu myiyamamazo muri reta ya Indiana ku ruhande rw'abademokrate

Abasesangura ivya poritike bavuga ko abademokrate bashobora gutsindira inama nshingamateka ku wa kabiri, mu gihe abarepublikani bashobora kuzogumana sena mu kurusha amademokrate intebe zibiri.

Ariko mu gihe bigaragara ko abantu benshi baza bamaze gutora, abakurikirana ivya poritike baha amahirwe abademokrate make yo gutsindira na sena.

Mu gihe abademokrate botsindira inama nshingamateka canke sena bishobora kutazorohera perezida Trump gushitsa ivyo yemereye abamutoye mu myaka ibiri isigaye ya manda yiwe. Bamwe mu bademokrate baremeye ko mu gihe botsinda bazoca batanguza amatohoza ku butunzi n’inyungu ziwe z’ubudandaji.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG