Rieck Machar ayoboye abarwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko, azotahuka ejo ku musi wa gatatu. Azoba atahutse hisunzwe amasezerano y’amahoro aherutse guterwako igikumu hagati yiwe na Perezida Salva Kiir. Rieck Machar yari amaze ikiringo kirenga imyaka ibiri yarahunze igihugu.
Umuvugizi wiwe, Lam Paul Gabriel, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika, AP, ko Machar atahutse kugira agire uruhara mu birori vy’uguhimbaza amahoro bizoba ejo ku musi wa gatatu.
Lam Paul Gabriel avuga ko impande zose zitegerezwa kugirana icizere kugira amasezerano y’amahoro aje mu bikorwa. Amenyesha ko Machar atahutse mu gihugu ciwe kugira yereke abantu bose ko yiteguriye amahoro.
Hisunzwe amasezerano yateweko igikumu mu kwezi guheze, Riek Machar azosubira kuba icegera ca Perezida Salva Kiir. Ayo masezerano ntiyubahirijwe incuro zibiri imbere yaho. Hari impungenge ko amasezerano y’amahoro aherutse guterwako igikumu ashobora gusambuka kandi.
Rieck Machar yandikiye Perezida Salva Kiir mu ndwi iheze avuga ko azokwitaba ibirori vy’uguhimbaza amahoro bizoba ejo ku musi wa gatatu. Yamara yasavye ko ibintu bimwe bimwe bibanza kwubahirizwa. Harimwo kurekura abanyororo bose bapfungiwe impamvu za politike, gukuraho amategeko yo mu bihe bidasanzwe, kurekurira abatavuga rumwe na Reta bose, kuja mu bice vyose vy’igihugu ata ntambamyi hamwe n’ukwubahiriza umutekano w'iwe.
Facebook Forum