Uko wahagera

Abasirikare 2 ba ONU muri Mali Barishwe


Abasirikare ba Senegale bo mu nteko za MINUSMA muri Mali, barindiye umunyamabanga mukuru wa ONU, itariko 30/05/2018 i Sevare muri Mali.

Abasirikare babiri ba ONU bajejwe kubungabunga amahoro n’umutekano barishwe abandi barakomereka mu bitero bibiri bitandukanye vyabaye ku musi wa gatandatu muri Mali.

Nta muhari uriyitirira ivyo bitero, ariko bisa n’ibitero bifitaniye isano n’ivyakozwe n’imihari yiyunze na al-Qaida.

Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano yaraneguye bikomeye ivyo bitero, igabisha ko ibitero bitumbereye inteko zibungabunga amahoro bishobora kwitwa ivyaha vyo mu ntambara hisunzwe amategeko mpuzamakungu.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG